Kwizera n´ibyiringiro byacu bibe ku Mana 27.11.2021

Ubutumwa bwa samedi le 27.11.2021

Kwizera n´ibyiringiro byacu bibe ku Mana

1 Petero 1:

Ku bw´imgambi myiza Imana yai idufitiye yadutoranije mu magana menshi y´abanyabyaha, injiji, ibipfmatwi, n´imumpyi, idukura mu bujya bwa satani iduha agakiza kayo. Hari impamvu nyinshi zo kuyishima no kuyikunda no kuyiringira no kuyizera.

Twagiriwe ubuntu kuba twaremeye gukurikira Yesu tukamwizera tutamubona aiko tukabona ibyo akora bigaragara ko ari hagati muri twe.

Impamvu twakijijwe n´ukugirango dukure ibyizigiro ku bibora tubishire ku bugingo buhoraho. Ni byiza kugira indoto y´ibyo umuntu ashaka kugeraho muri iyi si. Ariko cyane cyane kugira indoto no guharanira kubona ubugingo buhoraho.

Vs3. Agakiza twahawe hari impamvu yo kugagumamo mu kwizera. Mu byo unyuramwo byose hanga amaso ukunesha kw´Umwami Yesu. Ku musaraba igorogota ibyaha byose byarahariwe rero nta cyaha na kimwe kibasha guhangara amaraso ya Yesu.

Mu gakiza kadushitsa mu kwizera no kwizigira Imana habamwo kwezwa. Kugirango twerekane ukwizera Imana, tugira kwirindi icyaha no kwumvira tukiyambura. Ndetse ntitwishushanye n´ibiki gihe. Kuko isi irimwo kwihuta cyane n´ingombwa ko tuba maso.

Ezekiel 2:7 Mu gihe cya Ezekiyeli, Imana yamutumyeho kuburira ubwoko bwayo ko bihana bakava mu byaha naho batari bwumvire kuko Imana yabonaga imitima yabo yuzuye ubugome.

Matayo 12:33-36 Agakiza k´ukuri kabonekera mu mbuto kama. Amagambo yacu niyo azadutsindishiriza cyangwa akadutsindisha.

Matayo 13:24-30 Umugani w´urukungu mu masaka. Uyu mugani utwereka uko abakijijwe tugomba kubaho ubuzima bwejejwe tukagira kwama imbuto z´abihanye koko. Kuko iyo tubaye murushengero ntitugendere mu kwubaha Imana, hari umusi w´Imana izazira ikadukira urubanza.

Daniel 5:26 Tugire kwubaha Imana kandi tunisuma niba duhagze neza twe kwemera guhumurizwa mu byaha ahubwo tubivemo duhindukirire Imana nayo izatugirira neza.

Ibyahishyuwe Johana 3:15-22

Mu gihe duhisemwo gukizwa ni dukizwe koko, twiyambure ibidusibza inyuma turwane intambara yo kuva mu byaha kuko unesha azokwambikwa ikamba. Dusabe Imana itwuzuze Mpwemu Year tugende nk´abana b´umuco. Amen

Posted in Archives | Leave a comment

Ubuzima bwo gusenga 23.10.2021

Ubutumwa bwa samedi 23.10.2021

Ubuzima bwo gusenga

Ijambo ry´Imana riradukangurira kuba mu buzima busenga kuko amasengesho y´abakiranutsi agira ikimazi muri vyinshi. Dusengera iki? Dusengera icyo twasobanukiwe ko dutegererezwa kukihamagarira Imana. Kuko tuba twasobanukiwe ko hakenewe amasengesho.

Daniel 10:10-13 Daniel 9:1-4

 Daniyeli yari umuntu ukunda gusenga, afise ubuzima bwiza bwibera mu Mana. Ariko ubu yari afise amasengesho adasanzwe. Daniyeli yabona abamarayika imbona nkubone ariko abatware b´isi y´umwijima bazibira inyishu yiwe. Ariko n´intambara yo mu mwuka nico gituma Imana yatuma abamarayika kuyigwanya bagatabara.

Rero nk´abakristo gusenga bikwiye kutubera ubuzima. Kandi nta kurambirwa kuko satani aba akunyaze.

Gusenga n´ukubwira Imana ko udashoboye ariko yo atakiyinanira; igushoboze iguhe n´inkomezi zo kuba imbere yayo winginga. Kugirango igukorere ivyo wifuza, iguhe n´inkomezi zo gushika ku vyo wifuza mu rugo, mu mashure, mu kazi…

Uca bugufi imbere y´imana mu gusenga nayo ikivanga mu vyawe.

Yesu mu rukundo rwiwe yadukiriye umugani.

Luka 18:1-8

Umucamanza agabitanya yaciriye urubanza uwu mupfakazi kuko yamugobereye.

Satani n´abadayimoni canke n´abakozi biwe ntibarambigwa kudutera canke ngo bapfe ku kurekura canke batwihorere. Ahubwo bagenda iyo tubarushije inkomezi; ugasenga uvuga uti umugisha wanjye nzo wushikako, urugo rwanjye rurabaho, impwemu y´ubukene ndayanse, ugatitiriza nk´uyu mugore gushika badaye bakimuka. Bavuga bati uyu yaratunaniye reka tujye ahandi batazi iri banga.

Satani n´umunyamwuka, azi ivyakunanira azi ivyatsinze umuryango wawe, kandi ariko apangira abazagukomokaho, ngo ananize uruvyaro rwawe.

Kandi azi n´ububasha twahawe iyo tutabusobanukiwe atuzingira mu bibazo.

Ibintu vyo mu mwuka iyo bitavanyweho ntaho bija ahubwo bigenda ku bakurikiraho. 

Itanguriro 25:21

Muka Isaka yari yafashwe n´ubugumba bwa nyirabukwe.

Umuntu afise agakiza ategerezwa gusobanukirwa n´ivy´imiryango ukavuguruza imigambi y´umwami w´ubuperesi ku bwawe n´uruvyaro rwawe n´abawe. Urugero abasore batarongogwa, inkumi, abahukana, abapfa kare,,,

 Umuntu ntakwiye kuvyihorera, utegerezwa kurondera Iman anka Daniyeli.

Imigani 3:32-33

Ukuntu satani abigenza atwikira ubuzima bwacu bwo muri Mpwemu, abantu bakabifata nk´ibisanzwe, bakabiha n´insiguro.

Ibibazo vyose bishikira abantu biba vyarateguwe mw´isi yo mu mwuka ntabgo ari ibisanzwe.

Si garanti ko ivy´Imana yakuvuzeho cyangwa yasezeranyiye vyose bigushikako kuko ibibigwanya nivyo vyinshi. Itegereze nka Daniyeli.

Guharura 22: 6 & 10, 12& 32, Yeremiya 17: 7-8. Abantu benshi ubuzima bwabo burahembutse.

Posted in Archives | Leave a comment

Ubuzima bwuzuye bw´umukristo 16.10.2021

Ubutumwa bwa samedi 16.10.2021

Ubuzima bwuzuye bw´umukristo

Ijambo ry´Imana n´icirori umukristo wese akwiye kwirabamwo. Tukagira agakiza gahagaze kw´Ijambo ry´Imana, tukarongorwa na Mpwemu Yera. Ariwe aduha ubwenge no gutahura ngo dushitse icyo Imana idushakako nk´abana ikunda.

Yakobo 2:14-26 Yakobo 1:16-18

Nta kwizera kutagira ibikogwa kuba gupfuye, nkuko atabikogwa bitagira kwizera navyo biba ari ubusa. Imbere y´Imana biba bipfuye.

Tumenye neza ko dufise ukwizera kudaserugwa n´ibikogwa, arivyo vyerekana urukundo dukunze Imana, tuyubaha kandi twumvira Ijambo ryayo, kuba gupfuye.

Itangiriro 26:5

Kugira umutima utangira Imana, werekana imibanire y´Imana n´umuntu mu buryo bwa Mpwemu.

Aho Aburahamu yashinga amahema hose yahashira n´igicaniro co kwoserezako imibavu Imana yiwe, akanayitangira ku vyo imuha.

Gushikaho imugeresha ukwizera kwiwe kuyitangira Isaka umwana wikinege yahawe mu busaza bwiye, arabikora.

Aburahamu yatsindanishirijwe n´ibikogwa hamwe ukwizera yarafise kwagaragariye mu bikogwa gatanga Isaka ku gicaniro.

Ibikogwa dukorera Imana nivyo bihingura gose ukwizera dufise muri twebwe.

Ibikogwa nivyo bitsindanishiriza umuntu s´ukwizera kwonyene.

Nta kindi catumye Imana ivugango Aburahamu n´umukunzi wanjye, atari uko yayizeye agakora ivy´imubwiye adakekeranya. Ndetse abiharugwako nkukugororoka.

Natwe dutegerezwa gushitsa ukugororoka kwose mu gutanga gufanijwe n´ukwizera.

Luka 7:36-50

Wa mugabisha w´ingabo yubaka inzu abantu b´Imana basengeramwo, Rahabu umwe makaya yaha indaro abatatsi.

Ikintu caranga abigishwa ba Yesu Kristo, bari bafise umutima wizeye, bigaserugwa no gutanga. Inzi y´Imana ikagira umugisha. Ngo baratanga bagatanga bakan´bura hpo kubikwiza.

Ariko uyu munsi hari abakora vyose ariko ntihagemwo gutanga. Abandi bakingira gusa bagasenga, ariko ntubabaze gukorera Imana canke kuyitangira. Ivyo dukora biratuma tubohoka.

Dukeneye kuba abakristo buzuye, dushitsa Ijambo ryose nkuko Imana ibitubwirira mw´ijambo ryayo.

Abaroma 4:6-8 &13&19-24

Imbere yuko ivyo bitubako bitangugwa mw´isi yo mu mwuka. Kuko satani we azi ko niyo twakora Ivy´Imana idushakako vyose tuzoba tumucitse, tube abakunzi b´Imana n´incuti zayo. Ivyacu tubimuyage kuko ntabubasha abifisemwo. Ntidukeneye guhuma mu buryo bwo mu mwuka, kuko Yesu azoza gutora abakunzi biwe.

2 Abakorinto 4:3-5. Imigani 3:32-33

Icaha nico muvumo, nico gikwegera abantu umuvumo n´ibibazo. Ariko ata caha, ivyawe vyose Imana ivyivangamwo . Ivyahishuriwe Yohana 19:8-9

Posted in Archives | Leave a comment

Turondere Imana yo mu mutima wacu 25.09.2021

Ubutumwa mwa 25.09.2021

Turondere Imana yo mu mutima wacu

Icambere dukwiriye kuraba n´ubwiza bwa Yesu Kristo, n´urukundo yadukunze, bivuga ko yadukunze turi babi, turi abanyavyaha babi azan go tumwakire, twiyambure ububi dufise twambare ubwiza bwiwe bwo mu mutima.

Abafilipi 2:5

Umuntu wese atarahura na Yesu Kristo hari uko aba ameze: Hari ababa bibereye abapfasoni bapfise ikinyabupfura badasambana, bataboregwa, batiba, abandi baroga, bagasambana n´ibindi.

Ariko menya neza yuko utarahura na Yesu Kristo wese, ataramumira ngo amuhindure vy´ukuri, ataba ari mwiza imbere y´Imana. Kuko aba akirongogwa n´umubiri arizo ngeso na kamere yamanye.

Nico gituma usanga abantu benshi buzuye mu mashengero, ndetse n´Imana bayikunda bakagwana no gushitsa ivyagezwe n´amabwiriza Imana yahaye Mose bakabikora. Ariko ivyo ntibishobora guhindura umutima w´umuntu mu ngeso ziwe na kamere yiwe.

Ahubwo bakika abanyedini.

Bishobora kugufasha kwicisha bugufi no gusenga ukuvyifuza, ariko ntibishobora kubuza kwifuza no gukora icaha.

Pawulo yaravuze ngo ivyambera inyungu mbibonamwo igihombo ku bwa Kristo.

Abakolosayi 2:1-12 & 20 &23

Muri Yesu Kristo niho harimwo ibanga ryose ry´Imana itunga ryose ry´ubwenge no kumenya vyahishijwe muri we. Niwe ahishijemwo gutahura no kumenya ivy´Imana igomba nuko dukwiriye kubaho mu buzima buhindutse.

Niho haba gukebwa kutari ukwintoki, niho twiyambura akameremere k´umubiri, ni kwo gukebwa kwo muri Kristo.

Kol 2:8

Ivyambere vyo mw´isi n´ugukurikira imigisha iri mw´isi. Urugero Abagenda baja i Kanai ho mw´isi.

Ariko tweho tuja i Kanani yo mw´ijuru hamwe at ana kimwe kizojayo.

Tukiganzwa na kamere n´ingeso twanduriye mw´isi ntidushobora kureka gukora icaha, kandi ntidukiraba Imana.

Guhishurigwa neza Yesu Kristo, bituma urukundo rwiwe rutugumya, rukatubohora, rukadukura mu ngoyi no mu bubata bwa satani, tukabaho ataco satani aturega. Ahubwo Kristo akatwibonamwo tugakira ku mutima no ku mubiri.

Ivyo umuntu agumana nivyo bimubera ibitsitaza imbere y´Imana, iyo ashitse mu bigeragezo. Ndetse nivyo bizotuma umuntu adahagarara no kuri w amusi ukomeye.

Daniyeli 3:16-18 & 28-30. Daniyeli 6:16 &20-22&26-27 Abakolosayi 3:5-6

 Aba basore bakunze Imana Data wa twese, bamenya urukundo yabakunze ikabagira abayo, bemera kwiyanka, barayikurikia. Arico Ijambo rya Kristo ritubwira n´umusaraba.

Aba ntibihakanye Yesu Kristo n´izina ryiwe nkuko twabwiwe natwe. Ariko ubutumwa turiko duhabwa zitwereka kwatariko tumeze. Zaburi 24: 3-6 Ivyakozwe n´iyahishuriwe Yohana 19:5-9.

Posted in Archives | Leave a comment

Duhindukirira Imana yacu mu kwezwa nayo izatugirira neza 21.08.2021

Ubutumwa bwa 21.08.2021

Duhindukirira Imana yacu mu kwezwa nayo izatugirira neza

Imana yaduhaye Umwana wayo w´ikinege Yesu Kristo idutoranije idukura mu mpande zose z´isi ituzana mu ngoro yayo ku bwumugambi wayo mwiza. Kwubaha no kwiringira Imana nibwo tuzobona ubugingo buhoro.

Mu bagiye bubaha Imana bakayikorera bayikunda bagiye bayibona, Uhereye kuri Aburahamu, Daniyeli, Shadrach Meshake Abdinego, Elija n´abandi bose mu Ijambo ry´Imana bagiye bayibona.

Kuvayo 1:15-21

Urugero rwababyaza bubashe Imana banga kwiyanduza bagakora neza bagize umugisha uva ku Mana. Imana igomba ko tuyubaha tukareka kwiyanduza. Ntidutinye abana b´abantu bica umubiri ahubwo dutinye Imana. Tugendere mu kuri twiyeza umunsi ku munsi kuko tutazi umunsi n´isaha.

Imana yagiye yiyerekana mu gukomera kwayo. Ariko Imana ishaka ko tumenya ubumana bwayo twumvira icyo itubwira kandi tugira kwuzuzwa amavuta.

Tugira agakiza kejejwe kuko Imana y´imbabazi Igihe cyose iraegereza ko tuyihindukira niyo mpamvu yatuzanye muri Gilugali amasezerano yadusezeranyije izayasohoza kuri buri wese. Niyo mpamvu ari byiza kuyik

1 Abami 7:23

Ku bwo kumvira Imana no gukora Imana yahezagiye umupfakazi ariko ageze mu ngorane aribagirwa Imana. Nkuko natwe hari Igihe ingorane zituma duhungabana tugakekeranya Imana yadutabaye. Ku bwo kwitangira Imana hari icyo Eliya yasenze yibutsa Imana. Ni byiza ko tugwiza imirimo myiza kuko hari aho ituvugira imbere y´Imana. Kandi dushikame mu gakiza ibihe byose.

Mu kwezwa niho turonkera amavuta, kwumvira Mpwemu Year ndetse n´imitima mishya.

Zaburi 51: Umutima wejejwe uba ubuturo bwa Mpwemu w´Imana.

Twiyejeje, tukumvira imigisha y´Imana iradukurikira. Tugira umutima ushima muri byose, duhamiriza Imana ku byo yakoze kandi tukanezeza Imana. Imana ishaka agakiza kuzuye, tugenda twirinda , twiyambura, twuzuzwa, dushaka umwanya wo kuyejerwa. Imana ntabgo isaba imyaka twamaze mu gakiza ahubwo igomba ko twezwa. Agakiza ni ku giti cy´umwe umwe. Twese tuzabazwa ingene twafashe agakiza twahawe. Agakiza gashingiye mu kwezwa no kwitegura. Ntabgo tuba tukigendera mu ngeso za kera tutaramenya Imana.

Yer 4: 1-5 Imana iringinga ubwoko bwayo ngo twihane tuyihindukirire mu kwezwa ugakuraho ibizira mu maso y´Imana. Uyu munsi ibibi byabaye byiza kandi ibyiza byitwa bibi.

Ni tugira imirimo myiza mu kwezwa tuzahunga uburakare bw´Imana. Tugire inyota yo kurondera Imana ubaze Imana ubugombe bwayo ku buzima bwacu. Ni iki twakora kugirango twerekana Imana ko dushima ibyo yadukoreye. Tumenye neza Imana yadutoranyije ko yera.

2 Abami 13:1-6

Ni kenshi Imana idutabara ikaugirira neza nyuma yaho tukibagirwa tukisubirira mu byaha. Ariko birakwiye ko aboyagiriye neza bayihindukirira. Duharanire kwakira ubutumwa butuganisha ku bugingo buhoraho.

Dukorere Imana ntiduhangayikishwe n´ibyisi. Ibyo twasezeranye imbere y´Imana tubishitse. Imana ishaka ko tutivanga n´ibyisi kuko iraduhezagira muri byose. Eliya yari umukozi w´Imana agendera mu kuri yumvira Imana ku buryo n´intumbi yuwari ugiye guhambwa yaguye ku magufa ye arazuka.

Tugire kurerwa mu Mana kandi tubigendere dukore icyo Imana ivuga ikishije mu bakozi bayo. Icyo gihe amavuta aragwira.

Yesaya 40:31 Twiringira Imana nayo izatwitaho muri byose. Ibyo dukeneye byose iradusaba kurindira muri yo ntidukike intege. Idufitiye imigambi myiza irenze twe ibyo twifuza. Icyo igomba nukuyumvira, kwezwa, dukureho ibyimbura kimazi, dushake Imana ibindi bizadukurikira.

Yeremiya 1: 9-11 Imana yaduhaye ububasha muri byose mu kunesha kubera yaduhaye amagambo yayo atuma dushikama ntabgoba.

Abera bose baduze mwijuru hazaba hari ibihe bikomeye niyo mpamvu ari ngombwa kwihana bigishoboka.

Luka 11:24-26 Abaheburayo 10:35-36

Tugire kwezwa no kwama imbuto zinza ntitwemerere gusubira inyuma.

Twihangane dukore ubugombe bw´Imana kuko hari ingororano duhabwa ibyasezeranywe. Ntidusubire inyuma ahubwo tubandanye mu gakiza dukize ubugingo bwacu. Amen

Posted in Archives | Leave a comment

Tugire kwihanganire ibitugerageza dukurikije icyitegererezo cya Kristo 24.04.2021

Ubutumwa bwa taliki ya 24.04.2021

Tugire kwihanganire ibitugerageza dukurikije icyitegerezo cya Kristo

Ijambo ry´Imana duherutse kumva Imana yacu yongeye kudutera integer itwibutsa ububasha bwayo. Twabwiwe ko imvugo y´Imana idahinduka. Uko yabwiye Aburahamu niko yabwiye Isaka na Yakobo. Uyu munsi niko itubwira. Amasezerano yasezaranije Aburahamu yarashikije.

Itanguriro 26:28 Bongeye kugarukira Isaka kuko Imana yari kumwe nawe niyo mpamvu yerekanye urukunda.

Itanguriro 28:22 Yakobo amaze kubonekerwa n´Imana hari icyo yasezaranyije Imana yuko kubyo azajya ahabwa byose, atazabura kutanga kimwe ku cumi. Ibi byatumye Imana ibana nawe ndetse n´Imana haricyo yashingiyeho ngo imuhezagire.  

Twe kenshi dukunda imigisha ariko ntidukunde gukora nkuko Imana igomba.

Abaheburayo 12:3-4

Yesu yatubereye ikitegererezo cyiza ntubwo atari afite icyaha nakimwe yagize kwihangana. Dusabwa kwisuzuma twebwe ubwacu tugahitamwo kwiyambura.

Abaheburayo 12:14-16

Natwe iyo tutafashe neza agakiza twahawe iby´Imana iby´Imana tukabisuzugura tukivugira ibyo dushatse, tukumviriza ibyo dushatse kenshi umugisha w´ukuri turawusha!

Abafeso 2:10

Twakijijwe ku bw´ubuntu bw´Imana. Hari aho Imana yadukuye ndetse hari icyo itutegerejeho (kuyigenderamwo ni ngombwa atari agakiza ka hano mw´ishengero aho duhurira twese.)

Twisuzume ingene ingeso zacu zimeze! Imyitwarire yacu ya buri munsi? Ese ndakijijwe mu rugo rwanjye mu bana banjye mw´ishuri. Ese intahe yagushingirwa n´Imana ibona ibyikinze n´igihe. Ijisho ry´Imana ribona byose dukora bavandimwe! Ugutwi kwe kurumviriza iyo kuvuge ndetse yo kuo ari Imana ntacyo twayinyegeza (Zab 139).

Isuzume nanjye nisume ndacyakora uko umutima wanjye wishakira.

1 Tim 4:8

(Twitoze kwubaha Imana nibwo tuzabaho neza)

Vs. 12 Ikitegererezo mu byo tuvuga, ingeso, urukundo, kwizera, umutima uboneye!

Imigani 4:23 Turinde imitima yacu.

Luke 22:32 & John 17:15

Yesu yadusabiye kuba mu kuri! Twezwe mu kuri. Iyo hari ugukora Ijambo ry´Imana icyo rudusaba habaho kwezwe, ubwiza bw´Imana burabagira. Isi ikeneye kubona ubwiza bw´Imana buturimwo ngo nabo bahindukire bizere.

N´iki gishobora gukorwa kugirango tugume mu gakiza ibihe byose?

Luke 14:26-33 & Matayo 10:34-39

Hari ikiguzi tugomba gutanga nkuko Yesu nawe yasize ubwiza bwose ngo atwitangire ku musaraba. Yesu atubwira kwita ku by´ubugingo kurusha kwita ku bizashira. (Waba uri ku kazi iyumvire ingene ushobora kuba ikitegererezo cyiza wame ibyamwa byiza.

Ibyakozwe n´Intumwa 6:8

Tugire kuzuzwa Ubuntu bw´Imana n´imbaraga, ubwenge bwa Mpwemu Year nibwo bugomba kutuvugusha!

Ibyakozwe n´Intumwa 7:51-60

Igihe yari yahuye n´ikigeragezo ntabwo yari yagize kubabara muri we.

Kutagomba ijosi ntabwo ari ibyakakanya! Nivyahozeho

Abashikamye mu Mana bakayivugira bakayikorera bafite umutima ukeye bafite guheba ubugingo bwabo barahari ngo bitiwigishe! Mureke natwe twigire ku byitegerezo byiza.

Niba Sitefano yarabishoboye Iyo Mana yamushoboje natwe iradushoboza Pawulo yari yaramaramaje. Imana ntabwo yibutse ibyo yakoze mbere ataramenya ukuri akiri umunyedini.

Ezekiel 33:12 Twirinde gusubira inyuma.

Abafilipi 3:7 Ibyo byose amaso yacu atwereka bitatugeza ku bugingo tubyikumkumure ni igihombo.

Vs 11 Ntabwo agakiza tukamenyera ahubwo dukizwa umunsi ku munsi.

Kuva 32:32 Umutima Mose yari afite wari uwo gukunda ubwoko bw´Imana kugezaho aho abwitangira!

Kubara 12

Imana irumva ibyo imitima yacu yibwira ndetse ibihe byose. Ubugwaneza bwo Mose bwatuma anezerwa ko abantu bazuzwa Umwuka w´Imana.

Daniel 5:11

Hari ibyitegerero byiza nka, Daniyeli wari ufite umucyo, kwitegereza n´ubwenge bahejeje neza. Abandi nka Belushazari, Herode n´abandi bagize kutumvira baheza nabi. Imana idutabare.

Posted in Archives | Leave a comment

Guma k´Uhoraho Imana yawe no mu masezerano yawe ntizoguheba, izobishitsa 17.04.2021

Ubutumwa bwa 17.04.2021

 Guma k´Uhoraho Imana yawe no mu masezerano yawe ntizoguheba, izobishitsa

Imvugo y´Imana ntihinduka, ico yabwiye Aburahamu nico yavuganye na Isaka igishitsa no kuri Yakobo n´abisirayeli gushitsa ibihe vyose.

Imana ntihindura amasezerano ahubwo irayakomeza.

Itanguriro 26:1-5 &12-14 & 24-25

Igihugu abaenegihugu bataye bakagihunga, nico Isaka yabereyemwo umukire, aba umutunzi ahebuje kuko Imana ya se yari kumwe nawe, kandi yayumvira.

Itanguriro 28:10-22

Yakobo yiseguye ibuye, ari ku rugendo mu gihugu Imana iramwihishurira, ikomeza amasezerano yahaye sekuru Aburahamu na se Isaka.

Mu bibazo vyose ushobora gucamwo mu ngorane z´ubuzima ushobora guhura nazo, ari ingwara, ar´ubukene, canke ibindi vyose, guma ku co wavuganye n´Imana kandi nayo uyigumeko. Vyose izobikora nta na kimwe kizohindura isezerano ryawe ku Mana yawe.

Itanguriro 32:9-12 Yakobo yari afise ico yibutsa Imana yiwe.

Itanguriro 31: 24& 29 &40-42

Kugendana n´Imana canke kuba uri kumwe n´Imana ntibivuga ko udahura n´ibibazo n´intambara z´ubuzima ahubwo bigukomeza mu kubicamwo no mu kubisohokamwo ufise intahe n´amashimwe.

Urugero Naomi Rusi 1:16-18

Naomi yaciye mu bibazo bikomeye cane ariko ntiyahevye Imana yiwe. Kuko n´abakazana bayimubonamwo. Aburahamu, Isak ana Yakobo bumvira Imana bikomeye, bagakora ibikora ku mutima w´Imana.

Mu gihe cy´iherezo Yesu Kristo yaje kuducungura, duhabwa ivyizigiro bizima muri we kugirango umwizera wese ntaze akogwe n´isoni. Kuko muri we vyose birashoboka, nta na kimwe kimunanira.

Matayo 11:25-30 Matayo 28:16-20

Niwe afise ububasha ku biriho vyose, n´abari n´umubiri bose. Yohana 3:16-18 Yohana 12:44-48

Icadusaba gusa n´ukwitondera ivyagezwe vyose.

Abaroma 9:30-33

Uwizeye Yesu Kristo wese ntazakogwa n´isoni. Amen

Posted in Archives | Leave a comment

 Pasika n´ighe cyo gutabagwa, intsinzi ku bizera Imana 03.04.2021

Ubutumwa bwa samedi 03.04.2021

 Pasika n´ighe cyo gutabagwa, intsinzi ku bizera Imana

Imana dusenga n´Imana y´urukundo rwinshi igira imbabazi nyinshi n´ikigongwe ku bantu yaremye. Nico gituma yarungitse umwana wayo Yesu Kristo w´ikinege ngo aze kuducungura, adukuremu buja bwo muri iyi si mbi yanduye adushira mu bwami bw´Imana, tuje mu bana b´isezerano.

Kuvayo 6:2-9

Abisirayeli Imana yabona ubuja barimwo nagahahazo bahahazwa n´abanyegiputa, ibumvira ikigongwe, yibuka isezerano yasezeranye na Aburahamu na Isak ana Yakobo.

Natwe nuko, yabonye ingene umwami w´isi akoresha abantu ivyaha n´ibicumuro vyagahebuza. Hari abagenda bafashwe mpiri na satani, abandi bakabikora nkímpumyi bibaza ko ari bwo buzima buryoshye, abandi bakabikora mu kutamenya.

Ariko urukundo ry´Imana rwinshi cane afitiye umwana w´umuntu, aturungikira Yesu Kristo ago aze kutubohora, abazomwizera bose abatsindanishirize, aduhe ubugingo buhoraho.

Tube muri iyi si turi mu mwana wayo Yesu Kristo turi mu rugendo ruja mw´ijuru, dufise ico twiteze. Tutakiganzwa n´umwami w´isi, ariko turi aba Kristo.

Kuvayo 12:5-14 &16&29-32

Amaraso y´imyagazi y´intama canke impene itagira agasembwa niyo yabona ku mazu yabo ico kiza kikaharengana. Kuko bakoze ukw´Imana yavuze.

Kandi twarobanuriwe kuba abera b´Imana. Twatoranijwe kwama tumusenga duciye bugufi kandi tuyubashe.

Habonetse intinzi ikomeye mu Bisirayeli hamwe no gutabagwa. Ikiza cyarabarenganye kandi babona gucungugwa kw´ibihe bidahsira.

Matayo 27:62-66 Matayo 28:1-10

Yesu Kristo yazaniye intinziabizera bose. Niwe aduha ihumure nyakuri, akaturemesha mu bifadika atubwira ngo ntidutinye. Atwaturaho amahoro y´ukuri ava ku Mana.

Amahoro n´ihumure Yesu yaduhaye n´ivyukuri, kuko yanesheje urupfu rutamuganza, ubu ni muzima kandi azahora ai muzima ibihe vyose. Kandi natwe abamwizera tuzobana nawe ibihe vyose.

Yanesheje n´ibitugerageza vyose, muri we twamuronkeyemwo intinzi, duhabwa umwidegembyo intinzi yibihe bidashira aduha ubugingo buhoraho.

Pasika yazaniye umunezero abantu, kuko niyo twaronkeyemwo intinzi, duhabwa umwidegemvyo, tuva mu bubata bwa satani, ivyaha twajakarira, ibitugerageza vyose twabihaweko ububasha bwo kunesha.

Abaroma 5:6-11

Urupfu n´izuka rya Yesu Kristo ni vyo vya twujujye n´Imana Rurema. Niho twakiriye uburake bw´Imana yacu. Kandi ubugingo bwa Yesu Kristo buzorushiriza kudukiza. Kuko abari muri Kristo Yesu nta rubanza ruzobatsinda.

Yaje kuduhindura ibiremwa bishasha ngo tubeho duhindutse, duhingugwe neza muri Yesu Kristo.

Ab´ifilipi 3:7-14

Pasika bivuga kurengana canke kurenganwa intinzi, ihumure, ihinduka, kwakira amahoro, umunezero, umwidegemvyo. Ivyo vyose biva ku Mana yo mw´ijuru.

Mw´isezerano rya kera bagira intambara yumubiri ariko twebwe tugira intambara yo mu mwuka n´uyu mubiri. Vyose bigwanya ubugingo bwacu. Ariko Yesu niwe nzira, ukuri, n´ubugingo. Niwe azoshikana akanashoboza abamwizeye.

Posted in Archives | Leave a comment

Umugambi w´Imana ni mwiza ku bana bayo kandi abizera bose bazobibona 20.03.2021

Ubutumwa bwa Samedi 20.03.2021

Umugambi w´Imana ni mwiza ku bana bayo kandi abizera bose bazobibona

Ibihe bigenda bihinduka cane kandi byihuta. Ariko ic´Imana yavuganye n´abizera n´irya jambo yahay Mose ntabgo ryigeze rihonduka. Kandi natwe dufise amasezerano ku Mana, ntahandi nahamwe tuyabonera atari iyo tugumye mw´Ijambo ry´Imana.

Ndetse imubwira ngo arihe na Yosuwa ngo avyigishe ubwoko bwayo ari vyo bizotubeshaho.

Rimwe na rimwe benshi babona ko ataco bimaze, bakabireka bakicira inzira, bigatuma bahusha amasezerano yabo,  nivyo baronse muri izo nzira nígihe gito kandi bigahera nabi. Bagahusha amasezerano.

Ariko abahagaze ku masezerano bagakora ivy´Imana igomba, bose bashika ku co yavuganye nabo.

Ijambo ry´Imana ritubwira ababaye intwari mu kwizera, bagenda bakora ivyo kugororoka naho isi yose yari yuzuye ivyaha.

Abaheburayo 11:33-34

Ijuru ryarabemeye, kuko bemera kugumya Ijambo ry´Imana mu mitima yabo, bakagenda biteze icy´Imana yavuganye nabo. Ic´Imana yavuze. Babaye intwari mu ntambara. Ntizaba intambara z´igihe gito, ariko bagenda biyubura mu nkomezi nsha. Kuko Imana yabana nabo.

Nico umukristo wese akeneye.

Yesu Kristo, Igihe yahamagaraga intumwa ababwira ko bazoroba abantu, ntivyabaye ivyigihe gito kugirango bahagarare neza mu co yabavuzeho. Babanje kwuzuzwa Mpwemu Year. Nico gituma dukeneye kuva mu nteg nke.

Luka 22:39-46 & 31-34 (Marc 14:32-40)

Yesu Kristo yaduhamagariye kuba maso Igihe cose tukama dusenga twezwa, kugirango satani ntatunyage amasezerano.

Intumwa zarasinziriye, ariko Yesu agahinda kamutwaa ku musozi gusenga.

Ivyakozwe n´intumwa 4:29-31 & 19-20

Bamaze kuzuzwa na Mpwemu Yera, ntibari bacigwanirira canke ngo bacike integer, canke ngo Basabe Yesu yica ababagwanya. Basaba kwuzuzwa ngo bashingire intahe Imana.

Abakristo ntibacuzuzwa ubushobozi bw´amasengesho ngo barongogwe n´ijambo ry´Imana ngo barorere isezerano. Kuko bagiye muri za logique na realite y´ubuzima. Ariko Mpwemu Year yarazimye.

Ikintu kizogutwara umwanya wo gusenga kizoba kikwishe.

Umugambi w´Imana nta kintu na kimwe gishobora kuwukuraho. Waba uwifitiye abana bayo canke uwifise mu vy´ubwami bwayo.

Urugero: Isezerano Imana yahaye Yosefu satani yagerageje kumugwanya ariko ntiyawukuyeho. Icy´Imana yabwiye Yosefu cose yarakikoze.

Itanguriro 37:19-20 Itanguriro 34:1-3

Dawidi, Imana yamusezeraniye kuba umwami w´abafilisitiya ariko Imana yabana nawe ikamukiza.

1 Samweli 18:10-12-15 Itanguriro 37:20 Itanguriro 39:1-3

Posted in Archives | Leave a comment

Icyangombwa gikenewe mu buzima rukristo ni Mpwemu Yera 06.03.2021

Ubutumwa bwa le 06.03.2021

Icyangombwa gikenewe mu buzima rukristo ni Mpwemu Yera

Isi turimwo yuzuye ivyifuzo vyinshi kandi n´ibibazo vyinshi. Kandi igihe cyose kimwe kiravaho hakinjira ikindi. Bitabaye kuri wewe bikaba k´uwo ukunda, bikakubera umutwaro.

Ariko turi muri iy´isi nyene, haricyo Imana itugombako kandi n´uwatahuye ibanga ry´icazanye Yesu Kristo mw´isi nuwe arico yifuza: N´ukwuzura Mpwemu Yera.

Nico Yesu Kristo yasezeraniye abizera imbere yuko atangura urugendo rw´umusaraba, kandi amaze kuzuka nico yabariye intumwa n´abo bari kumwe.

Yohana 14:15-18  Ivyak.Int. 1:3-8

Nk´ukidukeneye Mpwemu Yera.

  1. Nuko Yesu Kristo na Data wa twese batubamwo iyo Mpwemu Yera aturimwo.
  2. Niwe atumaramwo inyota y´isi nivyifuzo vyayo akadukundisha ijuru; iyotuja.
  3. Niwe aduha kwizera, akadukomeza mu Mana mu vyo ducamwo vyose vyaba vyiza canke bibi, akadukura mu buzima bw´icaya.
  4. Abamufise babaho mu buzima bwirinda icaya. Abamufise babona ibintu ukundi kuko bo bafise communication n´umutima w´Imana itiyumvira nk´abantu canke ngo ikore nk´abantu.
  5. Babaho ubuzima bw´amahoro n´umunezero, kandi bagira urukundo rwinshi.
  6. Niwe atanga gushiramanga dushingira intahe Yesu Kristo, tukamamaza inkuru nziza y´agakiza, kugirango n´abandi bose batabagwe.
  7. Nibwo bugingo buhoraho buturimwo Yesu Kristo azodusangamwo, aje gutahana umugeni.

Ivyakozwe n´intumwa 2:1-4 & 17-21 & 33-39

Ivyakozwe n´intumwa 4:29-31

Icahaye intumwa n´abavugishwa n´Imana guhinduka n´ishengero no gushira amanga mu gushingira intahe Yesu Kristo no kumwizera ni Mpwemu Year yabahaye.

Niwe yatuma barengera ibibazo bafise n´ingorane n´intambara bagenda bahura nazo. Ariko bakavugira Yesi Kristo bashize amanga, bakamushingira intahe batitayeho iminyororo, ihamwa n´iyicwa bariko bahura navyo.

Naho baribafise ibibagoye nivy´ifuzo vy´ubuzima vy´umubiri, bamaze guhabwa Mpwemu Yera barahinduwe ntibasubiye kugira ivyifuzo bahorana.

Abantu ubu ntibagisengera akwuzura Se ahubwo basengera ibibazo.

Bakeneye ibifadika: amafranga, amazu, amashure menshi..ariko ivyo vyose n´ibishira.

Luka 11:1&13

Hari Igihe twibaza ngo turonse amafranga menshi n´inyishu y´ibibazo canke ivyodukeneye mw´isi ngo vyose vyoca bigenda neza. Ariko ntaho bizokubera inyishu y´ibibazo n´ivyifuzo uzohura navyo mw´isi.

 Ibi vyose Imana idukorera n´ukugirango tumenye Imana iri hagati muri twebwe, tugendere mu buzima buyihesheje icubahiro n´imitima yacu yose kandi yejejwe. Kugirango nayo ize yame itwerekanirako imbabazi zayo n´urukundo rwayo rwinshi. Zaburi 78:52-53

Posted in Archives | Leave a comment