Gushikama mu kwizera Imana. 01.03.2014

Ubutumwa italiki 01.03.14

Gushikama mu kwizera Imana.

Umwami wacu Yesu Kristo yaje ngo tumwizere, ntitunyiganyige mu kwizera kwacu, ariko dushikame cane. Kuko gushikama kwacu ariho Satani anesherezwa, Imana nayo ikahiheshereza icubahiro cayo. Naho mugushikama mu kwizera hari vyinshi dushobora guhura navyo vyotuma ukwizera kwacu kunyiganyiga, canke kugatirigana ndetse canke kukanahera bigatuma tudashikira ivy’Imana yacu yadusezeraniye. Ariko dushikamye vyukuri mukwizera Imana yacu, nayo iradushitsako amasezerano yayo. Nico gituma dukwiye gukomera mugakiza gakomoka kumwami wacu Yesu Kristo, kuko ariko katubera inkinzo kuvyodutirimutsa tukava mu kibanza.

Yesaya 26:1-4, Umuntu yegetse umutima k’Uhoraho na We aramuzigama, akamuha amahoro.

Zaburi 125: 1-5. Uhoraho akikuje abamwizigiye bose muvy’ukuri, kandi ntawuzomaramara.

1Samuel 17: 26&31-37 Goliyati yatsinze intambara nyinshi cane. Ariko yahuye, n’umusavyi w’Imana isumba vyooose, ayizeye adakekeranya, ayishimira cane muvyiza vyiiinshi yarimaze kumukorera, ikamuha gutabagura indubu n’intabwe zije kumurirako intama se yamushinze. Kuko yizeye ko yabishobojwe n’Imana. Aravuga ati niyo inshoboza kwica iyo ntakebwa y’umufilistiya atyokora ingabo z’Uhoraho. Kandi Imana yaturiye kuko ayizeye iraheza irabikora imbere yabakomeye n’abahambaye bari bananiwe ugwo rugamba. Ariko Dawidi kuko yari yitwaje ukwizera Imana irihesha icubahiro muwishimikije ukwizera atari ubuhizi bwiwe n’inkomezi ziwe.Zaburi 34 : 7-22 Ijambo ry’Imana riratubwira kandi ariko biri ngo: Amarushwa y’umugororotsi ni menshi ariko Uhoraho ayamukiza yose kuko amwizigiye. Kandi yama abangiye amatwi ugusenga kwabo. Ariko igitsure c’Uhoraho kiri kubizimiriza mu binyoma gusa. Ncuti yanje mwene Data Rondera Imana uyizere ntizoguhemukira. Shikama usabe ukwizera no kwihanganira ivyuhura navyo nayo ntizoguhemukira kandi ntuzokwigera umaramara kuko wizeye Ishobora vyose, kandi vyose bikorekera muri We. Ni naco gituma yatubwiye ngo: Ico muzosaba Data cose munyizeye nzogikora kugirango Data ashimagizwe mu Mwana. Amen.

About these ads
This entry was posted in Archives. Bookmark the permalink.

Leave a Reply

Fill in your details below or click an icon to log in:

WordPress.com Logo

You are commenting using your WordPress.com account. Log Out / Change )

Twitter picture

You are commenting using your Twitter account. Log Out / Change )

Facebook photo

You are commenting using your Facebook account. Log Out / Change )

Google+ photo

You are commenting using your Google+ account. Log Out / Change )

Connecting to %s